Portugal igandariye igihangange Eusebio

Eusebio da Silva
Image caption Eusebio da Silva

Igihugu ca Portugal cashizeko iminsi itatu y'icunamo, bibuka igihangange mu mupira w'amaguru, Eusebio, yitavye Imana.

Hagati aho habandanije gushika ubutumwa bwo gukeza uwo mukinyi w'umupira w'amaguru w'igihanganye yitavye Imana ahitanywe n'idwara y'umutima.

Umukuru w'igihugu wa Portugal, Cavaco Silva yavuze ko Eusebio yari umwe mu bantu bashikira abandi cane yari amaze kubona.

Abahanganye nawe mu kibuga c'umupira bavuze ko yari afise ubumenyi buhambaye kandi akita ku mukino ku buryo buhanitse.

Eusebio yavukiye muri Mozambique yitwa Eusebio da Silva Ferreira, ni we yinjije ibitsindo vyinshi kurusha abandi mu gikombe c'isi c'umupira w'amaguru co mu 1966, ahesha Portugal ikibanza ca gatatu.

Myinshi mu myaka mirongo ibiri n'ibiri yakinye umupira w'amaguru, yayimaze mu mugwi w'i Lisbon, Benfica, aho yatsindiye igikombe ca Buraya mu 1962.