Imyigaragamvyo y'abanye Africa i Tel Aviv

  • 5 Ukwa mbere 2014
Ibihumbi vy'abanye Afrika mu myigaragamvyo mu kibanza Rabin Square i Tel Aviv
Image caption Ibihumbi vy'abanye Afrika mu myigaragamvyo mu kibanza Rabin Square i Tel Aviv

Abategura imyigaragamvyo bavuga ko abanye Afrika b'impunzi barenga ibihumbi 20 bagize urugendo i Tel Aviv, basaba leta guhagarika ivyo kubafunga.

Iyo myigaragamvyo niyo ya mbere ikomeye imaze kuba muri ico gihugu, ariko igipolisi ca Israel catanze igitigiri gito kuri ico.

Iyo myigaragamvyo yatewe n'itegeko rishasha ryemerera abajejwe umutekano gufunga abimukira batagira impapuro ikiringo kingana umwaka ata rubanza ruciwe.

Abo bimukira bagizwe ahanini n'abanye Sudani hamwe n'abanye Eritrea, bavuga ko ari impunzi ariko umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, avuga ko barenga ku mategeko ngo rero bazobihanirwa.

Abajejwe intwaro muri Israel bavuga ko abanye Afrika ibihumbi mirongo itandatu binjiye ku butaka bwa Israel, bahunze canke baje kurondera akazi.

Mu ndwi zibiri ziheze, abanye Afrika bagize urugendo i Tel Aviv basaba irekurwa ry'abantu bashika ku bihumbi bitatu.

Hitezwe iyindi myiyerekano nk'iyo muri ino ndwi itangura.