Ibirwanisho vy'ubumara vyatanguye kuva muri Syria

Abagenduzi ba ONU muri Syria
Image caption Abagenduzi ba ONU muri Syria

Umurundo wa mbere w'ibirwanisho vy'ubumara wakuwe muri Syria, hakurikijwe umwumvikano wo kwaka umukuru w'igihugu Assad ivyo birwanisho vyose.

Abagenduzi bo mu kigo mpuzamakungu kibuza ibirwanisho vy'ubumara, OPCW, bavuze ko amakonteneri icenda yapakiwe mu bwato bwo muri Danemark ku kivuko ca Latakia muri Syria.

Bwaherekejwe n'amato y'Uburusiya hamwe n'Ubushinwa.

Umukuru w'igihugu Assad yemeye gutanga ibirwanisho vyiwe vy'ubumara mu mwaka uheze.

Yavyemeye nyuma yo gushirwako igitsure n'amakungu, nyuma y'aho abantu biciwe n'ivyuka vy'ubumara mu micungararo y'umuji wa Damas.