Misiri mu matora y'íbwirizwanshingiro

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Gutora Ibwirizwanshingiro mu Misiri

Iryo bwirizwanshingiro rishasha rigiye gusubirira iryari rihasanzwe, ryashizweho ku butegetsi bwa Mohammed Morsi, igihe gito imbere yo gukurwa n'igisirikare.

Igisirikare cifuza ko abantu batora "ego"kugira bashigikire ikomborwa rya bwana Morsi.

Umugambwe wiwe 'Muslim Brotherhood' wafashwe ko ari umuhari w'iterabwoba ubu wanse kuja gutora, kandi hari impungenge z'mutekano muke.

Imbere gato y'uko amatora atangura, humvikanye icaturitse hafi y'inyubakwa za sentare, ariko ntawe cahitanye.

Umutekano wakomejwe cane mur'iyi minsi ibiri bazomara mu matora.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buravuga ko abapolisi bagera ku bihumbi amajana abiri, imirwi y'umutekano ijana na mirongo itanu n'iyindi yiteguriye ingwano igera ku majana abiri igiye kurungikwa ku bibanza vyámatora hirya no hino mu gihugu.

Umunyamakuru wa BBC Orla Guerin ari Cairo, avuga ko isekeza ry'ya matora ryokozwe mu buryo burenzeko, aho kuri televisiyo ya leta n'zigenga ndetse náma radio ata kindi cavurwa atari guhamagarira abantu gushigikira iryo bwirizwanshingiro.

Kubona icapa na kimwe gisaba gutora 'oya' biragoye, kandi abagerageje kuvyerekana baratawe muri yompi, nk'uko uwo munyamakuru abivuga.

Umushikiranganji wa mbere wínfatakibanza Hazem Beblawi avuga ko iki gihe ari 'igihambaye'kuri Misiri.