Sudani y'epfo: Abarenga 200 batwawe n'uruzi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubwato kuri NIle Blank muri Sudani y'epfo

Ubwato bwarohamye bivugwa ko bwari bwuzuye cane abantu bariko bagerageza guhunga intambara hafi y'umuji wa Malakal.

Mur'uwo muji wa Malakal havugwa intambara zikaze hagati y'ingabo za leta n'abayirwanya.

Malakal umaze gukuranwako n'abawigarurira hagati y'izo mpande zirwana incuro gatatu kose mu kwezi guheze.

Intambara zatanguye muri Sudani y'epfo igihe perezida Salva Kiir yagiriza uwahora ari icegera ciwe Riek Machar, ko yashatse gutembagaza ubutegetsi.