Afghanistani: Igisasu cahitanye 18 iKabul

Image caption Resitora yagabweko igitero iKabul

Igipolisi kivuga ko umwiyahuzi yiturikirije ku muryango w'inzu y'uburiro mu gace k'umuji wa Kabul kagenderwa cane.

Abantu babiri baciye batangura kurasa ku bari ngaho bariko barafungura inyuma yo guturika kw'ico gisasu.

Abanyamahanga barimwo Abanyacanada, Abarusiya, Abanyalibani, n'Abongereza bahasize ubuzima, bari kumwe n'abanyafghanistani umunani.

Mu bishwe harimwo userukira ikigega mpuzamakungu FMI mur'ico gihugu, Wadel Abdallah.

Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko bane mu bakozi baryo nabo bahasise ubuzima.