Abantu 18 baguye mu ruhindo mu Buhinde

Image caption Abakoranye mu kigandaro Mumbai, ahobahonyoranye

Igipolisi caho kivuga ko ivyovyago vyashitse mu gihe abantu benshi bari bahuriye ku rugo rw'umukuru w'idini ry'aba islamu b'aba shiya.

Bari bagiye kugandarira uwo mukuru wabo w'idini Syendna Mohammed Burhanuddin.ejo ku munsi wa gatanu.

Igipolisi kivuga ko abantu bari benshi cane kuruta uko vyari vyitezwe.

Dr Burhanuddin yayoboye umurwi w'aba Daudi Bohra mu kiringo c'imyika mirong'itanu, akaba yari afise imyaka 102.

Gucanako abantu kugeza aho bacikana bimaze imyaka bishika mu Buhinde mu gihe abantu bakoranye mumadini yabo.

Mu kwezi kwa cumi umwaka uheze, abagera kw'ijana baguye mu ngoro y'aba Hindu Maghya Pradesh, kubera gucanako.