Syria: Abarwanya Assad bazoja mu biganiro

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu nama kuri Syria iheruka iGeneve 25/11/2013

Umurwi nyamukuru mu yirwanya ubutegetsi bwa Syria, ukorera hanze y'igihugu, Syrian National Coalition, watoye kuja mu biganiro vya Geneve ku majwi 58 kuri 149 (n'ubwo abagera ku 50 batatoye).

Ikibazo co kwitaba canke gusiba ivyo biganiro catumye abagize urwo runani bacanamwo.

Abenshi bahakanye kuvyitaba, kiretse bamenye ko perezida Assad atazoshirwa mu bazoshingwa ikiringo nfatakibanza.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko urwo runani rwafashe ingingo irimwo impungenge nyinshi.

Bizeye ko ivyo biganiro vyimirije bishobora gutanga inzira yo gukura ku butegetsi perezida Assad, ivyo ibihugu bikomeye bishigikiye ibi biganiro bikomeza kubizeza.