Imyiyerekano muri Ukraine yajemwo akaguma

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abihereje ibarabara iKiev

Abantu baharurwa mu bihumbi bikeyi bavuye mu kibanza ca independance Square berekeza ku ngoro y'inama nshingamateka hafi yaho, bagerageza kuyinjira kunguvu.

Icuka cagiye kuduga cane igihe igipolisi kigiriye mu modokari kuja kubatangira.

Umunyamakuru wa BBC ari Kiev avuga ko igipolisi cakoresheje za grenades ziturika imyotsi irakira.

Abari mu myiyerekano nabo bishuye mu kubazomera.