Misiri: Amatora y'umukuru w'igihugu azoba mbere

Umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Misiri, Adly Mansour Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Misiri, Adly Mansour

Umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Misiri, Adly Mansour, yavuze ko amatora y'umukuru w'igihugu azoba imbere y'ay'abashingamateka.

Ibi bihinduye ikirangaminsi cari cumvikanyweko nyuma y'aho igisirikare gikuriye ku butegetsi Mohamed Morsi mu mwaka uheze.

Bizoca kandi bituma habandanya kuvugwa cane urukurukuru rw'uko umukuru w'igisirikare, General Abdel Fattah al-Sisi, ashaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Kuwa Gatandatu ibihumbi vy'abantu bahuriye mu kibanza ca Tahrir Square mu muji wa Cairo bamusaba kwitoza mu gihe bahimbaza imyaka itatu iheze amahinduka akuye ku butegetsi Hosni Mubarak.

Abantu bashika mirongo ine n'icenda barishwe mu gihugu hose, mw'itana mu mitwe hagati y'abajejwe umutekano n'abiyamiriza leta.