Syria: Abagore n'abana bemerewe kuva Homs

Intumwa z'abatavuga rumwe na leta ya Syria Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Intumwa z'abatavuga rumwe na leta ya Syria

Umuhuza wa ONU mu biganiro kuri Syria, Lakhdar Brahimi, yavuze ko nyuma y'umunsi wa kabiri w'ibiganiro i Geneve, abaserukiye leta bemeye ko abagore n'abana bava mu muji ugoswe wa Homs.

Bwana Brahimi yavuze ko bakiriko baraganira ngo barabe ukuntu imfashanyo yoshikanwa muri uwo muji, ivyo akaba ari vyo abatavuga rumwe na leta bashaka.

Yavuze kandi ko baganiriye ku kibazo c'impfungwa ngo ariko nta mwumvikano washitsweko.

Bwana Brahimi yongeyeko yuko yagiranye ibiganiro n'impande zombi mu cumba kimwe mu gitondo, biza kubandaniriza mu vyumba bitandukanye ku mugoroba.