Pakistan:Taliban baranegura gucereza ibiganiro

aba Taliban bo muri Pakistan Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Aba Taliban bashaka gushinga intwaro igendera kuri Shariah muri Pakistan

Abaserukira aba Taliban bo muri Pakistan mu biganiro barakaye cane inyuma y'aho intumwa za leta zititabiye ibiganiro vy'intango.

Umwe mu ntumwa z'aba Taliban bo muri Pakistan yavuze ko ari amayeri ya leta yo gutevya ibintu aca agabisha avuga ati: ''ubu hashobora kuba icarico cose''.

Izo ntumwa zamaze kuva ku murwa mukuru Islamabad.

Imbere y'aho abaserukira leta mu biganiro bari basavye intumwa z'aba Taliban gutomora neza abo barungitse mu biganiro. Abanyamakuru bavuga ko hari icizere gito kuri ivyo biganiro mu gihe aba Taliban basaba ko hashingwa amategeko ya Islam Shariah harekurwe kandi abafungwa b'aba Taliban.

Aba Taliban bo muri Pakistan n'urunani rw'imigwi y'intagondwa z'aba Islam bashaka gushinga intwaro igendera kuri Islam.

Hafi abantu igihumbi n'amajana abiri b'aba civil n'abajejwe umutekano barishwe mu bitero vyagizwe n'aba Taliban mu mwaka uheze wonyene.

Aba Taliban bagwanya leta muri Pakistan kuva mu 2007.