Pakistan:ibiganiro n'aba Taliban vyatanguye

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Intumwa z'aba Taliban zirimwo,uva i bubamfu, Prof Ibrahim Khan, Maulana Sami-ul-Haq, na Maulana Abdul Aziz

Inama ya mbere y'ibiganiro hagati ya leta ya Pakistan n'intumwa z'aba Taliban yatanguriye mu kibanza kitamenyeshejwe nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abari muri ivyo biganiro bitezwe gutangura kuvugana inzira ivyo biganiro vyokurikiza kugira harangira intambara imaze imyaka icumi.

Ministre wa Pakistan ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yabwiye BBC ko leta yatanguranye ivyo biganiro ''n'umutima wose''.

Abanywanyi ba Tehreek-e-Taliban Pakistan (TTP) bagwanya leta kuva mu 2007. Umugambi wo kuganira wamenyeshejwe na ministre wa mbere Nawaz Sharif, inyuma y'aho habereye ibitero vy'urutavanako.

Ubwa mbere vyari inama yari itegekanijwe gutangura itariki zine z'ukwa kabiri, ariko mu nyuma irasiba leta imaze gusaba ko yoronka umuco ku bagize intumwa z'aba Taliban.

Abantu barenga 100 barimwo abasirikare barishwe mu kwezi kwa mbere mu bitero vy'aba Taliba. Ibihumbi n'ibihumbi baramaze gupfa kuva TTP itanguye kurwana mu 2007.