Perezida Putin yahuye na perezida Yanukovych

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida Putin (uyo yifashe mu ruhanga) na perezidaYanukovych

Nta ruhande na rumwe ruratangaza ivyo bavuganye mur'uwo mubonano wabo, ariko ubaye mu gihe hakomeje imyiyerekano yo kwiyamiriza leta muri Ukraine.

Uretse iyo myiyerekano, hari n'impari ku mugambi w'Uburusiya wo kuramira ubutunzi bwa Ukraine mu kuyiha ingurane.

Uburusiya bwemereye Ukraine miliyaridi cumi na zitanu z'ama dolari, inyuma y'aho perezida Yanukovych yankiye kugirana amasezerano n'ishirahamwe rya Bulaya.

Ariko rero Uburusiya bwabaye burabangiriye gutanga ayo mafaranga.