Centrafrika: indyane zikomeza kwiyongera

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umusirikare ageza guhosha abarondera kwica abandi banyagihugu iBangui

Umuyobozi ajejwe ibikorwa vyo gutabara vyihuta muri HRW, Peter Bouckaert, yavuze ko guhunga kw'aba isilamu mu muji wa Bangui kuzogira ingaruka zikomeye ku butunzi bwa Centrafrika.

Impamvu ngo n'uko aba Isilamu aribo basa n'abihariye ibikorwa nko urudandazwa rw'ibitungwa, n'ubundi burwizatunga.

Indyane hagati y'aba isilamu n'abakirisu zatanguye igihe ubutegetsi bwa Francois Bozize bwatembagazwa mu mwaka uheze, zikomeje gutuma ico gihugu gitabagurika.

Bwana Bouckaert avuga ko abantu icenda bishwe mu muji wa Bangui.

Kuri uyu munsi w'Imana bwana Bouckaert avuga ko yiboneye n'amaso yiwe aho uwundi mu isilamu yichwa.