Syria: Igitero ku modokari za ONU

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Syria, abagemuye infashanyo batewe

Abakozi ba ONU bariko bakoresha imodokari zagutse, kandi zishobora kugendera mu mabarabara mabi (SUV) mu gutwara uzo nfashanyo.

Aho ni mu gihe urundi rukurkirane rw'imodokari za ONU n'ishirahamwe "Croissant Rouge" ryo muri Syria, rwari rwaraye rutewe, abakozi batari bake bagakomereka.

Ico gitero kije gusubiza inyuma igikorwa co gutabara abanyagihugu bari bugaraniwe n'intambara muri uwo muji wa Homs, cari cavuye mu mwumvikano wavuye mu biganiro biheruka iGeneve.

Ivyo biganiro buca vyongera gutangura ejo ku munsi wa mbere.