Thailand: Abantu 4 baguye mu myigaragambyo

Abigaragambya muri Thailand Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abantu 4 baguye i Bangkok

Abantu bagera kuri bane biciwe mu mvururu zibera muri Thailand hagati y'abapolisi n'abigaragambya barwanya leta bari binjiye mu nzu ya leta iri i Bangkok ku murwa mukuru.

Muri abo bigaragambya harimo abari bitwaje imbunda, batangira kurasa bica umupolisi umwe, igihe abashinzwe umutekano bari bagiye kubavana mu nzi y'ubushikiranganji bigaruriye kuva umwaka ushize.

Ubwo igipolisi cyahise gisubiza n'amasasu mbere yo kuva aho cyari kimaze kwigarurira.

Mu gihe iyo mirwano yaritangiye gukara, akanama gashinzwe kurwanya ruswa muri Thailand kareze ku mugaragara umushikiranganji wa mbere Yingluck Shinawatra uburangare mu mugambi wo guhinga umuceri.

Uwo mugambi wafashije leta gushinga ibirindiro mu majyaruguru y'igihugu ariko nyuma uza guhura n'ibibazo.