Papa aragena aba kardinale 19 uyu munsi

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Vatican

Papa yatoranije abaturuka mu bihugu cumina bibiri bitandukanye, harimwo bitanu vyo muri Amerika yo hepfo n'amazinga ya Caraibes.

Mu co abanyamakuru bise ukwerekana ishaka ryiwe ryo kwegera abakene, abasenyeri bakuru baturuka mu bihugu nka Haiti, Burkina Faso na Cote d'Ivoire baza kwambikwa amakanzu n'udukofero dutukura.

Uwundi yagiye mu ba kardinale bashasha ni musenyeri mukuru wa Ekleziya katolika mu Bwongereza na pays des Gales, musenyeri mukuru Vicent Nichol.

Umunyamakuru wa BBC ari Vatican avuga ko papa Francis ariko agerageza gushigikira ivyiyumviro bishasha muri Ekleziya, akaba ngo yerekana ishaka ryo gusangira ijambo mu gufata ingingo.