Impande zirwana muri Sudani y'epfo zirerwa ivyaha

Image caption Abarwanya leta ya Sudani y'epfo

Ico cegeranyo kivuga ko abanyagihugu aribo bahasinzikarira, mur'ivyo vyaha birimwo kwica abantu benshi mu kivunga, kwica urubozo no gufata ku nguvu, cane cane abatotwa bagatoranywa hishimikijwe amoko.

Ishirahamwe ONU rivuga ku makuru arega abasirikare ba perezida Salva Kiir -ava mu bwoko bw'aba Dinka- bishe abanyagihugu b'aba Nuer mu murwa mukuru Juba mu minsi ya mbere y'intambara.

ONU kandi yabonye ibimenyetso vyerekana ko urwaruka rw'aba Nuer rwishe aba Dinka mu muji wa Malakal.

Ico cegeranyo cihweza ivyabaye mu mayinga indwi ya mbere y'iyo ntambara yadutse hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze.