Perezida Mugabe yahimbaje imyaka 90 y'amavuko

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Perezida Robert Mugabe

Iyi ndongozi y'inararibonye, yabaye mu butegetsi kuva mu 1980, yaguruye ibipurizo 90 mu kirere c'ikibuga kiri mu buseruko bw'umuji wa Harare.

Perezida Robert Mugabe yujuje imyaka 90 ku munsi wa gatanu, ariko yari muri Singapur kwibagisha amaso.

Abana benshi b'abanyeshure bari mu bitabiriye ivyo birori, aho bazunguza amabendera bivuga amazina umuryango perezida Mugabe aturukamwo.

Hagabuwe imitsima minini cane bita " cake" abantu bakaba bari bambaye udutambara dutukura nk'uko bimenyerewe buri gihe kw'isabukuru yiwe.

Mw'ijambo ryiwe ryamaze isaha yose, perezida Mugabe yavuze ko Abanyazimbabwe batanka ubutegetsi bw'Ubwongereza bwabakoronije, ariko ko bakunze gusumba igihugu cabo.

Yaneguye kandi ingendo y'abahuza ibitsina babisangiye.

Ibirori vya perezida Mugabe vyatwaye amafaranga agera ku muliyoni w'amadolari y'Abanyamerika, aho bamwe babineguye kubona hatanzwe amafranga nk'ayo mu gihugu gisanganywe ibibazo vy'ubutunzi.