Ukraine:Perezida w'infatakibanza yagenywe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Oleksander Turkinov (uwo yicaye)

Bwana Turchynov yabwiye abashingamateka ko bafise kugeza ku munsi wa kabiri kugira bashireho leta nshasha.

Inama nshingamateka yatoye kandi gufatira akarere karimwo amazu y'agaciro gahambaye ya bwana Yanukovych, ari hafi y'umurwa mukuru Kiev.

Abari mu myiyerekano bari baraye binjiye mur'ico kibanza ejo kuwa gatandatu.

Kugez'ubu irengero rya bwana Yanukovych ntiriramenyekana, kuva inyuma y'aho avugiye ko ingingo yafashwe n'inama nshingamateka yo kumukura mu kibanza c'umukuru w'igihugu ari nko gutembagaza ubutegetsi.