Yanukovych arashakishwa uruhindu

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ikibazo cya politike kirakomeje muri Ukraine

Muri Ukraine abategetsi ba leta nshya y'agateganyo bavuze ko basaba ko perezida Viktor Yanukovych wahiritswe ku butegetsi afatwa, akaregwa ubwicanyi bwakorewe abigaragambyaga.

Ministiri w'ubutegetsi bw'igihugu, Arsen Avakov, yavuze ko bwana Yanukovych ashakishwa ku byaha by'iyicwa ry'abaturage.

Mw'itangazo ryashyizwe ku rubuga nkoranyambuga rwa Facebook, bwana Avakov yavuze ko hari n'abandi bategetsi bashyizwe ku rutonde rw'abo bakurikirana.

Uwahoze ari umukuru w'igihugu aheruka kuboneka mu karere ka Ukraine, kitwa Crimean.

Hagati aho, mu murwa mukuru Kiev, abantu babarirwa mu bihumbi baracyari mu mbuga yitiriwe kamarampaka, Independence Square, bavuga ko bazaguma muri yo mbuga kugeza aho umukuru w'igihugu mushya atorewe.

Amatora mashya ategerejwe kuba mu kwezi kwa gatanu.