Misiri:26 baciriwe gupfa kubera ''iterabwoba''

Ibiduga cya gisirikare Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abacamanza bagirije abaregwa kuba barakokeje intureka ku bapolisi n'abasirikare

Sentare mu Misiri yaciriye abantu 26 urubanza rwo gupfa kubera gushinga ''umugwi w'iterabwoba'' bafise umugambi wo gutera ubwato buca mu cambu ca Suez.

Abacamanza bavuze ko abo bagaba bari bagirijwe kandi gukora ibisasu vya missile n'ibindi biturika, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo mu Misiri.

Abo bagirizwa baciriwqe urubanza atariho bari , nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry';amakuru Reuters.

Izo manza ziciwe haciye umunsi umwe ministre wa mbere mushasha yaraye agenywe Ibrahim Malab , arahiye ko azorwanya iterabwoba mu bice vyose vy'igihugu.

Mahlab yashinzwe kugena leta nshasha nyuma y'aho ministre wa mbere w'imfatakibanza Hazem Belblawi atngiye imihoho mu buryo butari bwitezwe hamwe na leta yiwe yose. Belblawi yari yashinzweho mu kwezi kw'insi mu 2013 inyuma y'aho abasirikare batembagarije ubutegetsi bwa prezida Mhammed yari yugarijwe n'imyiyerekano y'abatamushaka.

Kuva ico gihe abantu barenga 1000 bamze kwicwa abandi ibihumbi barafungwa mu bikorwa vy'abajejwe umutekano co guhasha abo mu mugambwe w'aba Freres Musulmans, umugambwe ugendera ku vyiyumviro vya Islam Mohammed Morsi aturukamwo.

Intagondwa zishingiye mu ntara za Sinai hagati aho zikomeje gukora ibitero kuri leta n'abajejwe umutekano,bakaba bamaze kwica amajana n'amajana.