Ukraine: Abanyabulaya baragabisha Uburusiya

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abari mu myiyerekano ishigikiye Uburusiya buririye ku bapolisi bashinga ibendera ry'Uburusiya: Mark Lowen

Ibihugu vya Bulaya vyasavye Uburusiya gutururuza ibintu mu ntara ya Crimee muri Ukraine inyuma y'aho abantu bafise ibigwanisho bafatiye inyubakwa z'inama nshingamateka muri iyo ntara bakaduza ibendera ry'Uburusiya.

Uburusiya nabwo bwatebereje indege z'intambara ku mbibe zabwo muryi ya myimenyerezo ya gisirikare bwatangaza ko igiye gukorwa umunsi umwe imbere y'aho.

Ubutegetsi bw'Uburusiya buvuga ko bwifuza gukorana n'abanyabulaya kugira babuze ko haduka ingorane zikomeye muri Ukraine ,ariko bugabisha amakungu kwirinda gufata ingingo mu kibanza c'abanye Ukraine ubwabo.

Hagati aho uwahora arongoye Ukraine bivugwa ko ari mu Burusiya.

Viktor Yanukovych afise umugambi wo kuzoha ikiganiro abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu mu gisagara ca Rostov-on-Don,igisagara kiri mu bumanuko bw'Uburusiya , nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'Uburusia Ria.

Mw'itangazo yashikirije ubwa mbere kuva inama ya nshingamateka ya Ukrsaine itora kumukura ku butegetsi, Yanukovych yavuze ko ''nasanze ntegerezwa gusaba abategetsi b'Uburusiya gukingira umutekano wanje kubera ibikorwa vy'intagondwa'' kandi ko acifata nk'umukuru w'igihugu yemewe wa Ukraine.