Indege ya Malaysia Airlines ntiraboneka

  • 10 Ukwa gatatu 2014
Imwe mu ndege ya Malaysia Airlines
Imwe mu ndege ya Malaysia Airlines

Haheze iminsi itatu ata n'iyambu y'igisigarira c'indege yabuze irengero, ndetse n'akarere kariko kararonderwamwo karaguwe, aho bakizura kugera mu mazi yo mu kagorwe ka Malacca.

Abategetsi bo muri Maleziya bavuga ko amavuta yari yabonetse ku nkengera zo mu buseruko bakeka ko yoba yaturutse mur'iyo ndege basanze atari ayo indege.

Igipolisi ca Maleziya kivuga ko cashoboye kumenya umwe mu ngenzi zari mur'iyo ndege yakoresheje pasiporo itari rwiwe.

Cavuze gusa ko atari Umunyamaleziya.

Iyo ndege yari ifise ingenzi 239, n'abakozi bo mu ndege, abenshi muri izo ngenzi bakaba bari Abashinwa.