Interpol: Babiri binjiye indege ya Malaysia bamenyekanye

Abinjiye indege yabuze bafise impapuro zibwe Uwufise ububasha kw’isanamu Kepolisian Malaysia
Image caption Abinjiye indege yabuze bafise impapuro zibwe

Igipolisi mpuzamakungu, Interpol, hamwe n'abajejwe intwaro muri Malaysia bamenyesheje ibiranga abagabo babiri binjiye indege yabuze kuwa Gatandatu, bafise passport zibwe.

Interpol yavuze ko abo bagabo bombi ari abanye Irani.

Bakoresheje passport nyazo zo muri Irani mu gushika muri Malaysia, hanyuma bakoresha passport zibwe mu kwinjira mu ndege yaburiwe irengero i Kuala Lumpur.

Umunyamabanga mukuru wa Interpol, Ronald Noble, yavuze ko ayo makuru atuma ivyibazwa ko iyo ndege yoba yahuye n'abakora iterabwoba, atagira ishingiro.

Abajejwe intwaro muri Malaysia bavuga ko bibaza ko umwe muri abo bagabo yari agiye kurondera ubuzima mu Budage.