G7 irabuza Uburusiya kwigarurira Ukraine

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Icapa camamaza kamarampaka yo kuwa 16/03/2014, kiriko kimanikwa hagati muri Simferopol.12/03/14

Uwo murwi G7 mw'itangazo washize ahagaragara, wamenyesheje ko kwigarurira Crimea vyogira ingaruka zikomeye ku mategeko mpuzamakungu.

Uvuga ko amatora ya kamarampaka ateganijwe ku munsi w'Imana muri Crimea, ashigikiwe n'Uburusiya, atazoba ahuye n'amategeko kandi atazokwemerwa.

Abategetsi b'umurwi G7, bavuga ko bazofata ingingo, umwe wese ukwiwe ndetse no mu murwi bahurikiyermwo bose, hamwe Uburusiya bwogerageza kwigarurira Crimea.