Afrika y'epfo iragabisha Urwanda

Image caption Kayumba Nyamwasa

Umushikiranganji w'ubutungane wa Afrika y'epfo, Jeff Radebe, yamenyesheje ko igihugu ciwe kitazokwemera kuba icanzo c'ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi.

Aho yashaka kuvuga ku birego bijanye no gushaka kwica umunyarwanda atavuga rumwe na leta, general Kayumba Nyamwasa, ubu aba mu buhungiro iJohannesburg muri Afrika y'epfo.

Urwanda rwirukanye abakozi bo mu biro vy'uhagarariye Afrika y'epfo iKigali, inyuma y'aho leta ya Afrika y'epfo nayo yirukaniye abakozi batatu bo mu biro vy'uhagarariye Urwanda iPretoria.