Christian Aid ivuga ko i Katanga bimeze nabi

Abasirikare ba Kongo bahanganye n'imigwi y'abarwanyi muri Katanga Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Kongo mu ntambara i Goma

Ishirahamwe ry'abagiraneza, Christian Aid, rivuga ko imirwano mu bumanuko bwa republika iharanira demokrasi ya Kongo, yatumye akarere kageramirwa.

Iryo shirahamwe rivuga ko abantu barenga ibihumbi amajana ane bateshejwe izabo, ica gatatu cabo bakaba bagizwe n'abana bari munsi y'imyaka cumi n'ine.

Christian Aid ivuga ko ibigwati bitandatu vyaturiwe mu mezi atandatu aheze, mu ciswe "inyabutatu y'urupfu" mu ntara ya Katanga.

Abasirikare ba leta bariko bararwanya imigwi yitwaje ibirwanisho muri iyo ntara, imwe muri iyo migwi ikaba iharanira kwiyonkora.