Papa Fransis akwije umwaka mu bupapa

Papa Francis Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Papa Francis

Abagatolika uno munsi bahimbaje umwaka uheze Papa Francis ashikiriye amabanga yo kuba umushumba w'iryo shengero.

Cardinal Bergoglio wo muri Argentine yabaye umu Papa wa mbere wo muri Amerika y'ubumanuko.

Abagatolika benshi barabonye ubudasa bwinshi hagati yiwe n'uwo yasubiriye, Papa Benedict.

Mu butumwa yarungitse ku rubuga nkoranyambaga Twitter, Papa Francis yahamagariye abantu imiriyoni cumi na zibiri bamukurikirana kuri urwo rubuga, kumusengera.

Itrorokanya ry'ivyiyumviro mu Butariyano ryerekana ko Papa Francis ariwe mu Papa akunzwe cane kurusha abandi ba Papa mu myaka iheruka.