Simbikangwa yakatiwe gufungwa imyaka 25

Pascal Simbikangwa
Image caption Pascal Simbikangwa

Pascal Simbikangwa, yahoze ari umu kapitene mu ngabo zarinda Prezida Habyarimana, yahamwe n'icaha ca jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Simbikangwa w'imyaka 54 yahamwe n'ivyaha vya jenoside vyakorewe i Kigali, hamwe n'ubufatanyacaha mu vyaha vyahohoteye ikiremwa muntu.

Ariko ivyaha bindi yaregwa bijanye n'ubwicanyi bwakorewe ku Gisenyi vyo ntivyamuhamye.

Pascal Simbikangwa asanzwe agira mu ntebe y'abamugaye kubera impanuka y'umuduga yagize mu Rwanda mu 1986, yakatiwe gufungwa imyaka mirongo ibiri n'itanu.

Azopfungirwa mu Bufaransa, kandi ntakwunguruza gushoboka.

Abacamanza muri sentare i Paris mu Faransa, vyabatwaye umwanya utari muto mu gushika kuri ico cemezo.

Ubushinjacaha bwari bwamusabiye gufungwa ubuzima bwose, ariko abunganira Simbikangwa bakavuga ko ata bihamya bikwiye bimwagira bagasaba ko yorekurwa.

Simbikangwa we nyene kare yafashe ijambo, avuga ko ata nkeka ko ari umwere, ngo yakoze uko ashoboye mu gukiza Abatutsi, ngo ariko kubera ubumuga bwiye yashoboye gukiza bake.

Imigenderanire y'u Rwanda n'u Bufaransa

Uru nirwo rubanza rwa mbere ruciriwe mu Bufaransa rw'umuntu aregwa jenoside yo mu Rwanda.

Kuba u Bufaransa bwari bufitaniye imigenderanire ya hafi na leta ya Prezida Habyarimana, vyamye bitagwa neza ubutegetsi bwa FPR, imigenderanire hagati y'ibihugu vyompi ikaba yarigeze gutosekara kubera izo mvo.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko uru rubanza rushobora kworosha gusumvya imibano hagati y'u Rwanda n'u Bufaransa.