Crimea igiye kwegukira Uburusiya

Abigina intsinzi i Crimea Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abigina intsinzi i Crimea

Abanyagihugu bo mu ntara ya Crimea yo muri Ukraine, batoye ku bwinshi kwegukira igihugu c'Uburusiya.

Ariko ayo matora ya kamarampaka yiyamirijwe na leta zunze umwe za Amerika hamwe n'Uburaya.

Abajejwe amatora i Crimea bavuze ko amatora yitabwe ku bwinshi, igice c'amajwi kikaba caharuwe, bikerekana ko gushika ku miringo icenda na gatanu kw'ijana bashaka kwiyunga n'Uburusiya.

Ariko Amerika n'umuryango wa Buraya bavuze ko ayo matora atakurikije amategeko, bavuga ko batazokwigera bemeza ivyayavuyemwo.

Amerika yavuze ko imyaka vyashika aho igihugu kimwe cikebera intara y'ikindi isi ikarorera ntivuge, yarenganye kera.

Ariko umukuru w'igihugu w'Uburusiya, Vladimir Putin, yaciye ahamagara kuri telephone mugenzi we wa Amerika, Obama, amubwira ko amatora yabaye i Crimea yujuje ibisabwa n'amategeko mpuzamakungu.