Putin: "Crimea yamye ari iyo Uburusiya"

  • 18 Ukwa gatatu 2014
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida Vladmir Putin 17/03/14

Perezida Putin yemeje ko amatora ya kamarampaka yabaye kuw'Imana muri Crimea, yo kwikura ku butegetsi bwa Kiev, yakurikije amategeko mpuzamakungu.

Bwana Putin yagirije ibihugu vya Bulaya inforo yo gushaka kuvomera zose, umwanya umwe ngo birakangira, uwundi mwanya bigashaka kugobera leta ya Moscow.

Perezida Putin n'abategetsi ba Crimea bamaze gushira igikumu ku masezerano yo gushira Crimea mu bice bigize igihugu c'Uburusiya.

Ayo masezerano azobanza kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, n'inzengo zishinga amategeko z'Uburusiya.