ONU: Ubwicanyi muri Centarafrika buteye akoba

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Navi Pillay

Inyuma y'urugendo rwiwe rw'iminsi itatu muri Centarafrika, Navi Pillay, yavuze ko abana baciwe imitwe, ababishe bakarya n'imibiri yabo.

Yavuze ko urwanko hagati y'imirwi y'abanyagihugu rugeze ku rugero ruteye ubwoba, aho abantu bariko bicwa urubozo, bacibwa ibihimba, baturirwa babona canke bagatemagurwa.

Ariko ngo inteko zarungitsweyo, ziturutse mu Bufaransa no mu bihugu vya Afrika, zaragabanije ubwicanyi muri kino gihe.