Uburusiya bwigaruriye ikambi ya Belbek muri Crimea

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Ikambi ya Belbek

Abanyamakuru bari muri Crimea bavuga ko imodokari z'imitamenwa zashenye impome z'ikambi ya Belbek, hakumvikana n'amasasu.

Umugaba w'abasirikare ba Ukraine yari yetegetse abasirikare biwe kurasa hejuru hamwe boramuka batewe.

Umunyamakuru wa BBC ariyo avuga ko umuntu umwe yakomeretse.

Kare ingabo z'Uburusiya zari zifatiye ikambi ya Novofedorivka, mu buraruko bwa Sevastopol inyuma y'aho isenyewe n'abashigikiye Uburusiya, basambuye amadirisha, bagakuraho n'ibirangantego vya Ukraine.