Urwego rwa OSCE rwitezwe muri Ukraine

Uwufise ububasha kw’isanamu RTRS
Image caption OSCE irarungika intumwa muri Ukraine

OSCE irungitswe gufasha guhosha imishamirane, irajana mu ntango intumwa zigera ku ijana, ariko abandi amajana ane bashobora kurungikwa mu nyuma.

Urwo rwego OSCE, ruhurikiyemwo ishirahamwe rya Bulaya, Uburusiya na leta zunze Ubumwe za Amerika, ejo kuwa gatanu niho rwemeye kurungika abo bagenzuzi.

Abagenzuzi ba OSCE bazorungikwa mu ntara icenda za Ukraine, harimwo ahaba abavuga ikirusiya mu buseruko, ahabaye imishamirano.

Ariko Uburusiya bwavuze ko batazoja muri Crimea, kuko hatakiri igice ca Ukraine.