Australia iracarondera indege ya Malaysia

  • 23 Ukwa gatatu 2014
Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Umudereva w'igisirikare ca Australia ari mu barondera ibisigarira vya MH370 21/03/2014

Abadereva bafise urugendo rwa kilometero 2500 kuva aho baturuka mu kigo ca gisirikare kiri mu buraruko bwa Perth, kugira bashike aho bashaka kuronderera.

Indege z'Ubuyapani n'izo Ubushinwa nazo zitezwe kuja gufasha muri ico gikorwa mu minsi iri imbere.

Amasanamu atangwa n'ivyuma vya "satellites", yatumye umushikiranganji wa mbere wa Australia, Tony Abbott, asa n'utanga icizere ko icashikiye iyo ndege MH370 noneho gishobora kuzomenyekana.

Ariko rero yongeyeko ko hakiri kare gose kugira umuntu agire ico yemeza.