Ikiza ca Ebola cadutse muri Guinee

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ishusho ya Ebola muri rugagamisha

Ishami rya ONU ryitaho abana UNICEF, rimenyesha ko umugera wa Ebola, waturutse mu bumanuko bwa Guinee, umaze gushika muri Conakry ku bilometero biharurwa mu majana.

UNICEF ivuga ko abagera kuri 59 bamaze kwitaba Imana, muri 80 bamaze gufatwa na Ebola.

Ishirahamwe rifasha abarwaye "Medecins sans Frontieres", ririko rishinga ibibanza vyihariye vyo kuvuriramwo abarwayi ba Ebola.

Hari impungenge ko uwo mugera woba umaze kujabuka no mu bihugu bibanyi vya Liberia na Sierra Leone.