Malaysia: MH-370 yaguye mu nyanja

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ministiri w'intebe wa Malaysia, Najib Razak

Ministiri w'intebe wa Malaysia, Najib Razak, yatangaje ko indege yaburiye irengero yaguye mu majyepfo y'inyanja y'Ubuhinde, ko nta muntu warokotse.

Mw'ijambo yahaye abanyamakuru bwana Razak yavuze ko amafoto ya satelite y'Ubwongereza yatumye bakeka ko iyo ndege yo muri sosiyete ya Malaysia Airlines yaguye ahantu kure mu mazi aherereye mu burengerazuba bwa Perth, kure y'ahantu hashobora kuba hari ikibuga cy'indege.

Yasabye ibitangazamakuru kubahiriza ubuzima gatozi bw'imiryango y'abagenzi n'abakozi 239 bari muri yo ndege, avuga ko igihe bamaze bategereje amakuru cyabakomereye, kandi ko aya makuru mashya arushijeho kuba mabi.

Hashize ibyumweru bibiri iyo ndege ya MH-370 iburiye irengero.

Amato n'indege bikomeje gukora amaperereza ku bice bimwe byatowe mu mazi bishobora kuba byaravuye kuri iyo ndege.