Afghanistan:Akanama k'amatora katewe

Image caption Inyubakwa yatewe iKabul

Abantu batanu bitwaje ibirwanisho bari bambaye bwa bakenyezi, binjiranye ibirwanisho ahari inyubakwa ikoreramwo akanama kajejwe gutegura amatora.

Abo barwanyi b'aba Taliban barengeye ubushobozi bw'abajejwe gucungera iyo nyubakwa.

Ariko inyuma y'intambara yamaze amasaha ane, abajejwe umutekano bavuga ko bashoboye kubica bose.

Ico gitero kibaye mu gihe hasigaye indwi imwe, imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu.

Umutwe w'aba Taliban wararahiye ko uzokononera ayo matora.