Brezil:Umukwabu mu muji wa Rio

Uwufise ububasha kw’isanamu Redes da Mare
Image caption Icapa cashizwe ku muryango kinegura ibikorwa vy'igipolisi muri Mare, Rio

Uwo mukwabu uri mu ntumbero yo gutuza imirwi y'abadandaza n'abanywa urumogi, imbere y'uko inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru zitangura.

Abategetsi bavuga ko agace ka Mare karimwo utuzu ducucikiranye, gacumbikiye abantu barenga 120 000, kari katewe umukwabu mu mutwenzi.

Abajejwe umutekano bahageze mu minota 15 gusa.

Ingabo zirenga igihumbi zitezwe kuja gucunga umutekano mur'ako gace, kugeza inyuma y'inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru.

Ako gace ka Mare, kabaye rurangiranwa ku rumogi muri Rio nzima, kigaruriwe n'inkozi z'ibibi zatumye abandi bantu bahimuka.