Mu Burundi bibuka Ntaryamira

Cyprien Ntaryamira yaguye mu ndege imwe na Habyarimana Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Cyprien Ntaryamira yaguye mu ndege imwe na Habyarimana

Mu Burundi uno munsi bibuka umukuru w’igihugu cabo, Cyprien Ntaryamira, yaguye mu ndege ya Prezida Juvenal Habyarimana itariki 6 ukwezi kwa kane mu 1994.

Ibirori vyo kumwibuka vyaranzwe n'imisa kuri Cathedrale y'i Bujumbura no gushira ingori z'amashurwe ku ntatemwa yiwe.

Prezida Ntaryamira n'abashikiranganji biwe babiri bari bavuye i Dar Salaam mu nama yari ihariwe kwiga ikibazo c'umutekano mu Burundi ico gihe bwari mu ntambara.

Inyuma y’imyaka 20, waba umuryango, yaba leta y’u Burundi, nta kuri kw’icese baramenya ku buryo prezida Ntaryamira yapfuye.