Pistorius yasavye ikigongwe mu marira

Oscar Pistorius muri sentare uno munsi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Oscar Pistorius muri sentare uno munsi

Umunonotsi w'umunye Afrika y'epfo, Oscar Pistorius, yasavye ikigongwe mu marira mu ntango y'ukwiregura mu rubanza aregwamwo kwica.

Yabariye sentare i Pretoria ko ata gihe na kimwe, kuva aho arasiye umukunzi wiwe Reeva Steenkamp, yigeze aba atariko ariyumvira umuryango w'uwo mukobwa.

Mw'ijwi ryoroheje riza riracika, bwana Pistorius yavuze ko umubabaro yateje ari ikirenga.

Yiyushe amasozi igihe yabwira sentare ko afise ubwoba bwinshi ku buryo adasinzira, ngo yama agira indoto mbi ngo kandi ntashobora gukubita ijisho inkoho.

Yemera ko yarashe umupfasoni Steenkamp muhira iwe mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze, ariko avuga ko yamwitiranije n'umuntu yari yamwinjiranye.