ONU itewe isoni n'ivyabaye mu Rwanda

  • 7 Ukwa kane 2014
Ban Ki Moon Image copyright AFP
Image caption Ban Ki Moon

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, yavuze ko ONU igikozwe n'isoni kuko itakoze ibikwiye ngo ihagarike jenoside mu Rwanda.

Bwana Ban ivyo yabivugiye mu muhango yo kwibuka jenoside ku nshuro ya mirongo ibiri.

Ibihumbi vy'abantu bitavye uwo mu hango kuri Stade Amahoro, bamwe bakoma akaruru kubera guhahamuka, abandi bajanwa ku nderuzo.

Umukuru w'igihugu c'u Rwanda, Paul Kagame, mu minsi mike iheze yasubiye kwagiriza Ubufaransa ko bwagize uruhara mu bwicanyi.

Ubufaransa bwaciye bwanka kwitaba umuhango w'uno munsi kubera ivyo, ariko buvuga ko bwifatanije n'Abanyarwanda mu kwibuka mu cubahiro abahasize ubuzima.