Muri Kenya harafashwe ibihumbi vy'abantu

Ihihumbi vy'abantu baramaze gufatwa muri Kenya
Image caption Ihihumbi vy'abantu baramaze gufatwa muri Kenya

Abajejwe intwaro muri Kenya bavuga ko hamaze gufatwa abantu barenga ibihumbi bine mu gikorwa c'umutekano.

Ifatwa ry'abo bantu ryatanguye nyuma y'igitero c'amagrenade mu ndwi iheze mu karere ka Eastleigh gatuwe n'abanye Somalia benshi, mu muji wa Nairobi.

Benshi muri abo bafashwe ni abanye Somalia.

Bivugwa ko benshi muri bo bashizwe mu kibuga c'umupira w'amaguru i Nairobi bahamara iminsi itatu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n'imiryango y'abo bantu, bavugako batashoboye kubonana nabo.

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe intwaro yo hagati, Joseph Ole Lenku, yavuze ko abadafise ivyangombwa bazoca bajanwa muri sentare hagamijwe kubasubiza muri Somalia.