Mu Burundi bahagurikiye ihohoterwa

  • 9 Ukwa kane 2014
Ihohoterwa ry'abagore ririmonogoje mu biyaga binini Image copyright Getty
Image caption Ihohoterwa ry'abagore ririmonogoje mu biyaga binini

Mu Burundi uno munsi igisata c’ubucamanza catanguje icese umugambi wo kwihutisha imanza z’ivyaha bifatiye ku gitsina

U Burundi bubaye ubwa mbere mu gutanguza uwo mugambi mu bihugu 12 bigize inama mpuzamakungu y’ibihugu vy’ibiyaga bini, CIRGL.

Uwo mugambi wari wasabwe gushirwa mu ngiro n’abakuru b'ivyo bihugu, mu nama yabereye Kampala mu 2011.

Ivyaha vyo gusambanya abagore n’abana ku nguvu biri mu bigeramiye akarere k’ibiyaga bini, na cane cane bivuye ku mabi y’intambara ziharangwa.