Abimukira ibihumbi bine barokowe

Abimukira barokowe mu Butaliyano mu minsi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abimukira barokowe mu Butaliyano mu minsi iheze

Ubutaliyano buvuga ko bumaze kurokora abimukira ibihumbi bine mu mato yari mw'ibahari Mediterranee mu masaha mirongo ine n'umunani aheze.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Angelo Alfano, yavuze ko ibintu bimeze nabi cane.

Yasavye ishirahamwe rya Buraya kugira ico rikoze rigahagarika ico yise "abadandaza b'urupfu", bajabukana abantu.

Biragaragara ko ivyo bikorwa bimaze kwongereza ingoga ku mugabane wa Afrika mu gihe ikirere kigenda kiramera neza.

Abarokowe mu minsi ibiri iheze bagizwe n'umugwi w'abantu barenga igihumbi, bari bashitse hafi ya Sicily igihe ubwato barimwo bwatangura kigira ibibazo.