Umunyeshure yazibuye abandi benshi

Ishure rya Franklin Regional High School Uwufise ububasha kw’isanamu ABC
Image caption Ishure rya Franklin Regional High School

Umunyeshure muri leta ya Pennsylvania muri Amerika yazibuye bagenzi biwe bashika ku mirongo ibiri

Abajejwe ubuvuzi bwihutirwa bavuze ko abanyeshure bo kw'ishure ryisumbuye rya Franklin Regional High School mu muji wa Murrysville, hafi ya Pittisburgh, bakomeretse cane.

Indege za kajugujugu nizo zaza ziraseha kwa muganga abakomeretse.

Ku rubuga internet rw'iryo shure hashizwe ubutumwa buvuga ko iryo shure ryugaye kandi ko igipolisi kiri mu bikorwa vyo gusaka.

Uwukekwa gukora iryo bara yatawe muri yombi.