France:Claude Muhayimana yarezwe jenoside

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Claude Muhayimana (ibubanfu) na mugenziwe barindiriye kuja muri sentare iParis 01/11/13

Mu kwezi kwa kabiri, sentare yo mu Bufaransa yari yahakanye kurungika mu Rwanda Claude Muhayimana ngo aje kuburanirayo.

Iyo ngingo yarababaje ubutegetsi bwa Kigali, bwagirije ubutegetsi bwa Paris ko bucumbikira abakekwako ivyaha.

Ubufaransa bwasibije urugendo rw'umushikiranganji yari kuja kwifatanya n'Abanyarwanda kwibuka jenoside yabaye muri ico gihugu mu 1994.

Perezida Paul Kagame yongeye kwagiriza ubutegetsi bw'Ubufaransa ko ico gihugu cagize uruhara muri jenoside.