Barashaka kurega Gorbachev gusambura URSS

Uwufise ububasha kw’isanamu 1
Image caption Michael Gorbachev

Abo bashingamateka bavuga ko bwana Gorbachev yemeye ko icahora ari URSS gicibwamwo ibice, hatabaye amatora ya kamarampaka yari gutuma ubumwe bwaco bubungabungwa.

Michael Gorbachev yavuze ko ivyo bamurega bitagira umutwe n'amaguru.

Babiri mur'abo bashingamateka baturuka mu mugambwe wa perezida Putin.

Gusambuka kwa Leta zunze Ubumwe z'Abasoviyete, kwatumye ibihugu bigera kuri 14 bironka ubwigenge.

Ivyo bihugu birimwo Ukraine vyikuye ku butegetsi bwa Moscow bwabitwara ico gihe.